Uko wahagera

President W’Ubufaransa Ku Gateka Ka Muntu I Congo


French President Francois Hollande and DRC President Joseph Kabila stand during the opening session of the Francophone Summit, in Kinshasa, DRC, Oct. 13, 2012.
French President Francois Hollande and DRC President Joseph Kabila stand during the opening session of the Francophone Summit, in Kinshasa, DRC, Oct. 13, 2012.
Umushingantahe Hollande, yaribukije akamaro ko kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no kubungabunga amahoro mu ntara zo mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi, igihe yariko arugurura inama nkuru y’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, yabereye I Kinshasa ku murwa mukuru w’igihugu ca Congo.

Umushingantahe Hollande yarigeze kunebagura inyifato yo kutubahiriza agateka ka zina muntu mu buseruko bw’igihugu ca Congo, hadutse ingwano y’abagwanya ubutegetsi. Yavuze kw’ukuntu agateka ka zina muntu gartyozwa, bidakwiye kwihanginirwa.

President w’igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, Joseph Kabila yabonanye n’umushingantahe Hollande ku musi wa gatandatu.

Mw’ijambo yashikirije ryo kwugurura iyo nama, yavuze kw’ingwano y’abarwanya ubutegetsi, ar’ingwano y’akarenganyo, yetewe n’ingabo zo mu mahanga.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryarareze igihugu c’Urwanda ko gishigikiye abarwanya ubutegetsi; yamara igihugu c’Urwanda, carahakanye ivyo birego.

Ikindi kibazo cavuzweko cane mur’iyo nama yarangiye ku musi ku wa mungu, n’ikibazo cerekeye igihugu ca Mali.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ryarashikirije icemezo ku musi wa gatanu, gitanga uburenganzira bwo kurungika inteko z’abanyamahanga mu gihugu ca Mali, bazoba bagiye gufasha reta y’imfatakibanza mu gikorwa co gutuza abarwanyi b’abaislamu, bamaze kwigarurira uburaruko bw’igihugu.
XS
SM
MD
LG