Uko wahagera

Muri Kenya, Umupolisi Yarahitanywe n’Ikibombe


A man stands at the scene after two successive blasts in the residential area of Eastleigh Estate in Nairobi, Kenya, October 12, 2012.
A man stands at the scene after two successive blasts in the residential area of Eastleigh Estate in Nairobi, Kenya, October 12, 2012.

Abapoliisi bavuga kw’ivyo bigwanisho vyaturikirijwe mu bibanza bibiri vyegeranye, kandi mu kanya gakwirikirana. Abategetsi bavuga kandi kw’ikibombe ca mbere catetewe mu mugambi wo kuraba ingene abantu boca baja gukoranira mur’ico kibanza, kugira ngo ikibombe catewe ubugira kabiri, kibashwaremwo.

Ivyo bigwanisho vyaturikirijwe mu kibanza kiri hafi y’isengero, aho ikindi kibombe catewe mu kwezi guheze, cahitanye ubuzima bw’umwana, yari yagiye mu misa.

Gushika ubu, nta muntu canke umurwi n’umwe, uratangaza kw’ariwo wateguye ivyo bitero.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya, Raila Odinga, yavuze kw’ivyo bibombe bifise umugambi wo gutera uruhagarara hagati y’abaislamu hamwe n’abaChristu.

Yavuze kw’ubwo bwicanyi buva kw’iterabwoba, budaterwa n’ibibazo vy’amadini.
XS
SM
MD
LG