Uko wahagera

Umuhari Hezbollah Mu Ngwano Yo Mu gihugu Ca Syria


Buildings damaged by what activists said was shelling by forces loyal to Syria's President Bashar al-Assad are seen in Aleppo September 23, 2012. Picture taken September 23, 2012. REUTERS/Shaam News Network/Handout (SYRIA - Tags: POLITICS CIVIL UNREST) FO
Buildings damaged by what activists said was shelling by forces loyal to Syria's President Bashar al-Assad are seen in Aleppo September 23, 2012. Picture taken September 23, 2012. REUTERS/Shaam News Network/Handout (SYRIA - Tags: POLITICS CIVIL UNREST) FO

Ingwano yo mu gihugu ca Syria, yatumye abagwanyi bo mu muhari Hezbollah bashigikiye president Bashar al-Assad, bayinjiramwo.

Ingwano yo mu gihugu ca Syria, yatumye abagwanyi bo mu muhari Hezbollah bashigikiye president Bashar al-Assad, bayinjiramwo, mu gihe kandi umukuru w’igihugu ca Syria asa n’uwutacumvikana n’umuhari Hamas w’abanyapalestine, bahora bacuditse.

Muri raport yasohotse ejo ku musi wa kabiri, ibinyamakuru vyo mu bihugu vyo mu burengero, vyaratangaje amakuru, bivuga ko yashikirijwe n’abanyaLibani hamwe n’abanyaSyria baharanira ineza y’abanyagihugu, avuga kw’umugwanyi w’intwazangabo w’umuhari Hezbollah hamwe n’abagwanyi babiri b’uyo muhari, biciwe hafi y’igisagara co mu gihugu ca Syria citwa Qusair, kiri ku rubibe, igihugu ca Syria gihana n’igihugu ca Libani.

Ayo makuru avuga kw’abo bagabo batatu bo mu muhari Hezbollah, baguye mu mutego watezwe n’abarwanya ubutegesi muri Syria ku musi wa gatandatu canke ku musi wa mungu.

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Syria barareze umuhari Hezbollah, kw’ufasha president Assad, mur’iyo ngwano imaze amezi 18.
Umurwi Hezbollah wagumye ucuditse na president w’igihugu ca Syria, yamara warahakanye kw’ata ruhara ufise mu bikorwa vya gisirikare mu gihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG