Uko wahagera

Vice President Wa Mbere Mu Nama Mpuzamakungu.


Vice president w’Uburundi, Terrence Sinunguruza, yarafashe ijambo imbere, aho yashirije ibintu reta y’Uburundi imaze kurangura kuva habaye amatora ya mbere mu mwaka w’2005.

Umushingantahe Terrence Sinunguruza yavuze kw’Uburundi bwatunganije inzego za demokrasi, zirimwo imirwi yose y’abarundi, nk’uko amasezerano y’I Arusha abitegekanya.

Yaratangaje kandi ko hamaze kugenwa abahinga bazokwiga uburyo bwo gutegura umurwi uzoba ujejwe ibikorwa vyo gutohoza ukuri, kunywanisha abarundi hamwe no kurekuriranira.

Vice president wa mbere w’Uburundi, yaribukije kandi imigambi yaranguwe na reta ya president Nkurunziza, irimwo gushira abana mu mashule yo mu ntango, ata mafaranga barinze kuriha hamwe n’imigambi yo kuvuza abafasoni bibungenze ku buntu. Ntiyasize inyuma kandi ibibazo vy’umutekano mu Burundi hamwe n’uruhara rwa reta y’Uburundi mu kubungabunga amahoro mu bihugu vyo mu ntara hamwe no mu gihugu ca Somalia:

Inyuma y’aho arangirije ico kiganiro, Frederic Nkundikije, yaramubajije ibibazo bitari bike vyerekeye Uburundi, akaba yatanguye kuvuga ku ntambamyi zoshobora kubuza Uburundi gutera imbere nk’uko abategetsi hamwe n’abarundi bavyipfuza.

Twumvirize:

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:01 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG