Uko wahagera

Ugutana Mu Mitwe Kwihaye Inkumbi Kwarabaye Mu Gihugu ca Syria


Abagwanya Ubutegetsi Muri Syria
Abagwanya Ubutegetsi Muri Syria
Inteko za Reta y’igihugu ca Syria n’abayigwanya baratanye mu mitwe bikomeye mu gihugu ejo ku musi wa gatandatu, mu gihe inteko zigwanya Reta zatangaje ko zimuriye ibiro vyazo zitangiramwo amategeko mu gihugu ca Syria bivuye mu gihugu ca Tukriya.

Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu batangaje kw’abantu mirongo ibiri na batanu canke barenga bishwe igihe inteko zijejwe umutekano zagira ibitero mu bice birimwo abagwanya Reta.

Batangaje ugutana mu mitwe gukomeye cane kwabareye mu ntara ya Allepo aho igisirikare cagize ibitero bigenewe kugerageza gutuza abagwanya ubutegetsi mu bice barimwo.

Muri ico gihe, inteko zigwanya Reta ya Syria zigizwe cane cane n’abasirikare biyonkoye kuri Reta , barasohoye amasanamu ya video avuga zimuriye ibiro vyazo zitangiramwo amategeko mu bice vyahabuwe mu gihugu ca Syria.

Ausama Monajed, wo mu rwego rw’igihugu ca Syria rugizwe n’abagwanya Reta, yatangaje kw’ingingo y’ukwimura ivyo biro bizofasha abagwanya ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG