Uko wahagera

Umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Yaranebaguye Ibihano ku Bigwanisho Bimaze Igihe vy’Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya


Umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Wen Jiabao
Umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Wen Jiabao
Umushikiranganji wa mbere, w’igihugu c’Ubushinwa, Wen Jiabao yaremeye kw’Ubushinwa buzobandanya utwigoro twabwo tw’ugufasha gutorera inyishu ikibazo c’amadeni, c’akarere k’I Bulaya gakoresha ifranga rya Euro, yamara yaranebaguye ingingo imaze igihe kirekire, y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, y’ukuziririza kugurisha ibigwanisho ku Bushinwa.

Ivyo Wen Jiabao yabitangarije I Bruxelles, ejo ku musi wa kane, mu nama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya n’Ubushinwa.

Wen Jiabao, mu ntango, yaravuze neza ku vyerekeye gukomera imigenderanire hagati y’Ubusinwa n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, yamara mu nyuma yaho igihe yavuga ku kibazo cerekeye ibihano, ku vyerekeye ibigwanisho, video yariko yerekwa abamenyeshamakuru, yarahagaritse.

Ibihano ku vyerekeye ibigwanisho, vyafashwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, vyashizweho inyuma yuko abantu bagandaguwe, mu kibanza ca Tiananmaen, mu gisagara ca Beijing, mu mwaka w’1989.
XS
SM
MD
LG