Uko wahagera

 
Abajejwe Igikorwa c’Ukwiyamamaza ca Prezida Barack Obama na Mitt Romney Bashimikiye Kuvyo Batangaje muri kahise

Abajejwe Igikorwa c’Ukwiyamamaza ca Prezida Barack Obama na Mitt Romney Bashimikiye Kuvyo Batangaje muri kahise


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama, n’uwo bahiganwa wo mu mugambwe w’Aba Republicains, Mitt Romney, barateranye amajambo ya politike, ejo ku musi wa gatatu, mu gihe umwe umwe wese yashimikiye ku vyatangajwe n’uwundi, muri kahise.

Abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ba Mitt Romney bashimikiye ku vyafashwe amajwi, vyatangajwe na Obama, mu mwaka w’1998, igihe ari umu Sanateur.

Muri ayo majwi yafashwe, vyasa nuko Obama yari ashigikiye uruhara rwa Reta, mu gukwiragiza ubutunzi mu banyagihugu.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Jay Carney, yavuze kw'amajwi yafashwe, haraheze imyaka cumi n’ine, yasohowe n’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ba Mitt Romney, vyerekana akigoro k’abantu baburaniwe, k’ukugerageza guhindura ibiriko bivugwa muri iki gihe, kuri Romney.

Romney yafashwe amajwi mu mpisho, mu kwezi kwa gatanu, aho yariko atoza amafranga y’igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza , avuga ko hafi y’igice c’abatora muri Amerika ataco bimariye, ko bazera ku nfashanyo za Reta.
XS
SM
MD
LG