Uko wahagera

Aung San Suu Kyi Yarahawe Umudali w’Inzahabu w’ Inama Nshingamateka ya Amerika


Aung San Suu Kyi Ariko Ahabwa Umudali w'Inzahabu w'Inama Nshingamateka ya Amerika
Aung San Suu Kyi Ariko Ahabwa Umudali w'Inzahabu w'Inama Nshingamateka ya Amerika
Umuyobozi w’abaharanira Demoakrasi mu gihugu ca Birmaniya, Aung San Suu Kyi, yararonse umudali w’inzahabu w’Inama nshingamateka ya Amerika, mu birori vyabaye, ejo ku musi wa gatatu, mu nyubakwa y’inama nshingamateka ya Amerika.

Yakiye ubwiwe uwo mudali yari yahawe, mu mwaka w’2008, igihe yari apfunzwe icamaso na Reta y’igisirikare yahoze ku butegetsi, mu gihugu ciwe ca Birmaniya.

Aung San Suu Kyi, yarashimiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku myaka itari mike zashigikiye umuhari w’abaharanira demokrasi muri Birmaniya ku ntwaro ya gisirikare muri ico gihugu.

Yarerekanye umwizero ugereranye kw’igihugu ciwe muri iki gihe kiri mu nzira y’ubwigenge na demokrasi.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika Hillary Clinton, Uwahoze ari umpfasoni wa prezida, Laura Bush n’abashingamateka bakomeye bo muri Amerika barahayagije Aung San Suu Kyi ku butwari bwiwe n’ukuba atabebukiwe mu kiringo c’imyaka cumi nine yamaze apfunzwe.
XS
SM
MD
LG