Uko wahagera

Papa Benedict Yarateye Akamo Kerekeye Amahoro Ejo Ari mu Gihugu ca Libani


Papa Benedict Ariko Aramukanya na Prezida wa Libani, Michel Suleiman
Papa Benedict Ariko Aramukanya na Prezida wa Libani, Michel Suleiman
Papa Benedict, ku musi wiwe wa nyuma w’urugendo rwiwe mu gihugu ca Libani, yasavye Abakristu mu karere k’Abarabu kugendera amahoro kugira bihagarike ivyo yise ubwicanyi muri ako karere.

Ivyo Papa Benedict, muri iki gihe afise imyaka mirongo umunani n’itanu, yabitangaje ejo ku musi w’Imana, mu misa yabereye hanze ku murwa mukuru wa Libani, Beirut aho yasavye amakungu n’ibihugu vy’Abarabu cane cane gutora inyishu igenewe guhagarika ingwano, mu gihugu ca Syria.

Abateguye urugendo rwa Papa Benedict, bamenyesheje kw’abantu ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu bitavye imisa yagirishije.

Ku musi wa gatandatu Papa Benedict yarabonanye n’abategetsi b’igihugu ca Libani n’abayobozi b’amadini, mu biro vya prezida ku murwa mukuru, aho yakiwe n’abantu isinzi bamukomera amashi
XS
SM
MD
LG