Uko wahagera

Iyicwa ry’Abaserukira Amerika mu Gisagara ca Benghazi Bishobora Kuba Vyari Vyateguwe


Ambasaderi Christopher Stevens
Ambasaderi Christopher Stevens
Abategetsi ba Amerika batangaje kw’igitero cahitanye Ambasaderi wa Amerika mu gihugu ca Libya n’abandi Banyamerika batatu mu gisagara Benghazi gishobora kuba cari cataguwe ahukuba ishavu ryaje nk’icaduka kuri Amerika.

Abategetsi ba Amerika batangaje kw’igitero cagizwe ku musi wa kabiri n’umugwi w’abantu bari bitwaje ibigwanisho bikomeye mu kibanza c’abaserukira Amerika mu gisagara Benghazi gisa n’icari mu gikorwa cari categuwe neza.

Yamara abandi bategetsi ba Amerika batangaje ko hari hakiri kare kugira abagize ico gitero bemenyekane canke nimba bagize ico gitero kugira gihurirane n’ukwibuka imyaka cumi numwe irangiye habaye ibitero vy’iterabwoba muri Ret Zunze Ubumwe za Amerika kw’italiki mirongo ibiri n’imwe z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001
.
Abategetsi b’igihugu ca Libya batangaje ko habaye ibitero bibiri bitandukanye vyahitanye Ambasaderi wa Amerika, J. Christopher Stevens n’abandi bakorana batatu mu gisagara ca Benghazi.

Bamenyesha kw’ubwa mbere uwo murwi w’abantu bitwaje ibigwanisho baturiye ikibanza c’abaserukira Amerika, mu vyatumye bamwe mu Banyamerika bahungira mu nyubakwa yari ikingiye yo hafi yaho.

Batangaza ko iyo nyubakwa yarashwe n’ama rokete mu masaha y’inyuma yahoo. Abategetsi ba Amerika ntibemeje buno nyene iyo nkuru.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yariyamirije iyicwa ry’Abanyamerika, akaba yariyemeje gukorana na Reta y’igihugu ca Libya kugira bashire imbere y’intahe abagize ico gitero.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:21 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG