Uko wahagera

Icegera ca Prezida w’Ubushinwa Ntiyakiye Abategetsi b’Abanyamahanga Bagendeye Ico Gihugu Mu Bubaye Ubugira Gatatu mu Kiringo c’Indwi.


Icegera ca Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping
Icegera ca Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping
Ivyatangajwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ejo ku musi wa kabiri vyaje mu kiringo kirenga imisi cumi kuva Xi Jinping abonetse hanze ubwa nyuma.

Vyitezweko Xi Jinping aba prezida w’igihugu c’Ubushinwa mu mpera z’uyu mwaka.
Xi Jinping ntiyitavye inama yari yategekanijwe imbere yaho n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubusweda, Helle Thorning-Schmidt I Beijing ku musi wa mbere.

Mu ndwi iheze, inama ziwe na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Hillary Clinton n’umushikiranganji wa mbere wa Singapour, Lee Hsien Loongntizabaye.

Ihindurwa ry’ikirangamisi nkiryo n’ibitu bidashika kenshi ku bayobozi b’igihugu c’Ubushinwa, amanama yabo n’abategetsi balkomeye bo mu mahanga aba yategekanijwe imbere y’igihe.

Ivyo bifatanije n’agacerere k’abategetsi b’Ubushinwa kuri ico kibazo, vyatumye haba urukurukuru ku vyerekeye Xi Jinping muri iki gihe afise imyaka mirongo itanu n’icenda.
please wait

No media source currently available

0:00 0:00:52 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG