Uko wahagera

Ivya Mbere Vyavuye mu Matora muri Angola Vyerekana Intsinzi y’Umugambwe MPLA


Prezida wa Angola, Jose Eduardo dos Santos
Prezida wa Angola, Jose Eduardo dos Santos
Ivya mbere vyavuye mu matora mu gihugu ca Angola vyerekana kw’umugambwe uri ku butegetsi wa prezida Jose Eduardo Dos Santos watsindiye hafi ya bitatu vya kane vy’amajwi, mu bishobora kwongereza ikiringo c’ inrwaro ya Prezida Dos Santos imaze imyaka mirongo itatu n’itatu.

Abategetsi bajejwe amatora batangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ivya mbere vyavuye mu matora yabaye ku musi wa gatanu vyerekana kw’umugambwe uri ku butegetsi muri Angola, MPLA watsindiye ibice 74 kw’ijana vy’amajwi.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta UNITA, watsindiye ibice 18 kw’ijana vy’amajwi.

Ayo matora agenewe kugena abashigamateka amajana abiri na mirongo ibiri. Umuyobozi w’umugambwe utsinze amatora niwe atorwa kuba prezida. Imigwi itavuga rumwe na Reta yaridogeye ivyuko haari ibitagenze neza mu matora.

Abategetsi bajejwe amatora batangaje kw’ivya mbere vyavuye mu matora vyatangajwe ejo ku musi wa gatandatu vyavuye mu bice bgera kuri mirongo itandatu kw’ijana vy’ibibanza vy’amatora. Bitegekanijwe kw;ivya nyuma bivuye mu matora bimenyekana mu ndwi iza.
XS
SM
MD
LG