Uko wahagera

Prezida Obama n’Uwo bahiganwa, Mitt Romney Bariyamamaje Ejo Ku Wa Gatandatu.


President Barack Obama greets the crowd after arriving for a campaign stop at Loudoun County High School in Leesburg, Virginia, Aug. 2, 2012.
President Barack Obama greets the crowd after arriving for a campaign stop at Loudoun County High School in Leesburg, Virginia, Aug. 2, 2012.
Mitt Romney yagenywe n’umugambwe wiwe w’Aba Republicains kugira awuserukire mu matora ya prezida azoba muri Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe yabwiye abamushigikiye kw’igihe kigeze ko Amerika ironka umuyobozi mushasha igihe yari ko amenyekanisha imigambi yiwe y’ubutunzi mu ntara ya Ohio.

Mw’ikoraniro mu gisagara ca Cincinnati ejo ku musi wa gatandatu, Romney yavuze ko Amerika ikwiriye umutegetsi mushasha.

Romney yasibiye kubandanya igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza inyuma yuko agenywe wicese n’umugambwe wiwew w’Aba Republicains mw’ikoraniro rikuru ry’uwo mugambwe riherutse kubera mu gisagara ca Tampa mu ntara ya Florida.

Muri ico gihe Aba Demokrate baratanguye gushika mu gisagara ca Charlotte, mu ntara ya Caroline yo mu buraruko hazobera ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’aba Demokrate kuva ku musi wa kabiri w’iyi ndwi tugiye gutangura.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yariyamamaje mu ntara ya Iowa ku musi wa gatandatu.
XS
SM
MD
LG