Uko wahagera

Igihuhusi Isaac Carageramiye Haiti Ejo ku Musi wa Gatandatu


Residents leave flooded homes in a low lying area affected by Tropical Storm Isaac in Port-au-Prince, Haiti Aug. 25, 2012 (UN photo)
Residents leave flooded homes in a low lying area affected by Tropical Storm Isaac in Port-au-Prince, Haiti Aug. 25, 2012 (UN photo)
Igihuhusi Isaac carageramiye igihugu ca Haiti ejo ku musi wa gatandatu, n’imvura y’isegenya yatumye haba umwuzurane w’amazi ku murwa mukuru, Port au Prince.

Amakuru ya mbere yatangaje kw’abantu batatu bapfuye mu gihe abakozi bajejwe gutabara bagerageje gufasha abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu mahema ku murwa mukuru, Port au Prince kuva ikinyamuggigima gikomeye gisinzikaje igisagara ca Port au Prince haraheze imyaka itatu.

Vyitezweko ico gihuhusi congereza inguvu zaco mu gihe kiriko gitera kigana intara ya Florida n’ikigobe ca Mexique.

Ikigoca Amerika gikwirikirana ivyerekeye ibihuhusi , Us National Hurricane Center, caragabishije akarere ko mu burengero bw’intara ya Florida harimwo igisagara ca Tampa hazobera mu kiringo c’imisi ine, ikoraniro rikuru ry’abo mu mugambwe w’aba Republicains.

Mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu, abateguye iryo koraniro barigijeyo ibikorwa vy’ukwugurura iryo koraniro mu kubishira ku musi wa kabiri ah’ukuba ku musi wa mbere nuko vyari vyategekanijwe imbere yaho. Iyo ngingo igenewe gukingira abazokwitaba iryo koraniro igihuhusi Isaac mu gihe kiriko gitera kigana intara ya Florida.
XS
SM
MD
LG