Uko wahagera

Burundi: Hari abashaka Kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro

Guhindura ibwirizwa nshingiro hagakurwamwo ibiringo bigenerwa umukuru w’igihugu no gufuta burundu akarushu k’uko abahoze ari abakuru b’igihugu baba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose ni bimwe muvyasabwe n’abitavye ibiganiru bihuza abarundi mu mu ntara ya Ngozi.
Hari n’abasavye ko amakambi y’abateshejwe izabo ko yofutwa basigura ko muriyo havuye abantu benshi baje mu migwi igwana.

Agathon Rwasa icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yari yitavye ivyo biganiro vyabereye mu ntara avukamwo.abonako hogwa imbere inyungu z’igihugu, imigambwe igatunganywa neza

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG