Uko wahagera

Burundi: General de brigade Kararuza Yishywe

Igitero cahitanye General de brigade Athanase Kararuza cabaye nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo.Cabereye kw’ibarabara ryitiwe Mutima Mweranda i ruhande y’ishure ryisumbuye rya Saint Esprit muri karitiye Gihosha, komine Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura.
Abari hafi yahabereye ico gitero bemeza ko abantu bamutangiriye bari bambaye impuzu za gisirikare bafise n’ibikoho binini binini harimwo ibitera ama rokete.

Aho imodokari yiwe yarasiwe haboneka ibisigarira vyisnhi vy’amasasu nayo umuduga yarimwo wari watobaguritse rwose. Bene kumwica batanguye kurasa umuduga igisasu ku ruhande rw’ububamfu umushoferi acagerageza guhungira mu bigo vya Lycée Saint Esprit.
Naho nyene bayikurikije amasasu mbere n’umuryango w’icuma wo ku rwinjiriro rw’iryo shure watobaguritse co kimwe n’akazu kahari.


Voma ibindi

XS
SM
MD
LG