Prezida Obama, yatangaje kw’azorondera kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda, gushika ku ca gatatu kandi kw’azosubira kugirana ibiganiro, n’abategetsi b’Uburusiya, kugira barengere igihe c’imishamirano yagabisha, gukoresha aibigwanisho ruhonyanganda.
Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero, aho umwihevyi yari afise bombe yayituritsa, hanze y’ibiro vy’ishami ry’ishirahamwe O-N-U rijejwe iterambere, PNUD.
Muri ico gihe, inkino z’igikombe c’imirwi nserukiragihugu yatsindiye ibikombe, mu ntara zitandukanye zo kw’isi iyo mirwi ivamwo zarabandanije, ejo ku musi wa gatatu
Abategetsi ba Reta ya Amerika batangaje kw’ivyo biganiro bizotangura, ejo ku musi wa kane, mu gisagara ca Doha, muri Emirat ya Qatar.
Abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, bararangije inama yabo, yamaze imisi ibiri, muri Irlande yo mu buraruko