Uko wahagera

Umumenyereza Mushasha w’Umugwi w’Umupira w’Amaguru wa Reta Zunze Ubumwe za America


Umumenyereza Mushasha w’Umugwi w’Umupira w’Amaguru wa Reta Zunze Ubumwe za America
Umumenyereza Mushasha w’Umugwi w’Umupira w’Amaguru wa Reta Zunze Ubumwe za America

Juergen Klinsmann aheruka gushingwa amabanga y’umumenyereza mushasha w’umugwi w’umupira w’amaguru wa Reta Zunze Ubumwe za America.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bo mu gisagara ca New York, yababariye ko ubumenyi yakuye irya n’ino mu makungu, n’ivyo azi ku buzima bw’abanyamerika bizomufasha kurangura neza igikogwa ajejwe co gukomeza umugwi w’urukino rw’umupira w’amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushingantahe Klinsmann amaze imyaka 13 aba mu ntara ya California hamwe n’umuryango wiwe. Avuga ko muri kahise yigeze kurangura amabanga ajanye n’inkino z’umupira w’amaguru. Inyuma y’uko, ku musi wa kane uheze, reta Zunze Ubumwe za Amerika zirukanye, Bob Bradley, yahora ariwe mukuru w’urukino rw’umupira w’amaguru, kandi akaba yari ashigaje imyaka itatu n’igice ngo contara yiwe ihere, abanyamerika baciye bafta Klinsmann, kuko muri iki gihe bashoboye kwumvikana, bakamwemerera ivyo yo yasavye. Ivyo Klinsmann ashaka nti vyerekeye umushahara gusa, harimwo n’ivyerekeye ububasha azogira ku vyerekeye iterambere ry’abantu bari mu mugwi ajejwe.

Klinsmann avuga ko ikintu ca mbere na mbere akeneye, ari ukumenyana n’abakinyi bagize umugwi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Klinsmann avuga ati, ni ngombwa, kandi namwe muravyumva ko bizomfata idwi canke amezi atari make, kugira ngo ndonke umwanya wo gutohoza abakinyi bose, n’ubuhinga bw’uwo mugwi ukiri mushasha. Ndashimishwa cane n’ukubona nshoboye kuronka aka karyo, kazotuma nshobora guhindura ibintu bikaja mu nzira itumbereye.

XS
SM
MD
LG