Uko wahagera

Perezida Petero Nkurunziza Yatoreye mu Ntara ya Ngozi Avukamo


Amatora ya perezida mu Burundi yabaye n’ubwo bamwe mu bakandida batangaje ko bayavuyemo.

Amatora ya perezida yabaye mu Burundi kuri uyu munsi wa kabiri tariki ya 21 y’ukwa karindwi 2015, n’ubwo hari ibisasu bya za gerenade byaraye byumvikanye mu murwa mukuru Bujumbura.

Perezida Petero Nkurunziza, umukandida umwe mu bakandida umunani bari ku rutonde komisiyo y’amatora yemeye, yatoreye ku mutumba wa Buye muri komini Mwumba mu ntara ya Ngozi aho avuka. Aho i Buye kandi, abaturage benshi bitabiriye amatora, nk'uko Ijwi ry'Amerika ryabikurikiye.

Mw’ijambo yavuze amaze gutora, bwana Nkurunziza yabwiye abanyamakuru ko amatora ya perezida yabaye ari ingendo yo gusubiza ijambo abanyagihugu, ingendo avuga ko yatangiye nyuma y’amasezerano yo guhagarika intambara.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Jean Bosco Ndarurinze yakurikiranye aya matora aho muri Ngozi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:02 0:00

XS
SM
MD
LG