Uko wahagera

Mitt Romney Yahoze Atwara Intara ya Massachusetts, Yaraye Atsinze Bagenzi Biwe b’Abarepublika, mu Ntara ya Florida

Mu matora y’intango yo kugena umunyapolitike wo mu mugambwe w’abarepublika azohiganwa na president Barack Obama ahurikiye mu mugambwe w’abademokrate, Mitt Romney yahoze atwara intara ya Massachusetts, niwe yaraye atahukanye intsinzi; akaba yarushije Newt Gingrich, Rick Santorum hamwe na Ron Paul.

Intsinzi mur’iyo ntara ikomeye, ishobora gutuma agira amahirwe yo kugenwa no mu zindi ntara kugira azoserukire uyo mugambwe mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumin a rimwe. Yamara abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko Newt Gingrich, yatangaje kw’agiye kubandanya urugamba, ashobora kwihindukiza, akaronka amajwi menshi mu ntara zitari nke, zisigaye.

Inyuma y’aho ibiharuro vy’amajwi yavuye mur’ayo matora bishikiririjwe, Frederic Nkundikije yaraganiye na Methode Ndikumana, akwirikirana cane politike yo muri reta zunze ubumwe za amerika, araheza aramubaza insiguro aha iyo ntsinzi ya Mitt Romney mu ntara ya Florida:

Dutege matwi ico kiganiro:

XS
SM
MD
LG