Ku wa kabiri, Nyakanga 29, 2014 isaha yo mu karere 16:46

Igihugu ca Mali n'ishirahamwe CEDEAO

x
Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, C-D-E-A-O, ryatangaje kw’iyo nama yakwirikiye ubutumire bwa Reta y’igihugu ca Mali bw’ukurungika inteko.

Umutegetsi w’Umufransa yaratangaje ubutumire nkubwo bwa prezida w’infatakibanza wa Mali mu ndwi ihezwe, yamara Retay’igihugu ca Mali ntiyemeje iyo nkuru.
Bitegekanijwe kw’abategetsi bajejwe ukwivuna abansi babonana ejo ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Abidjan.

Ishirahamwe, C-D-E-A-O, ryatangaje kw’intambwe ya mbere ku vyerekeye irungikwa ry’inteko muri Mali kwoba kwubahiriza umutekano w’abategetsi n’inzego za Reta nfatakibanza y’igihugu ca Mali. Intambwe ya kabiri isaba kw’ishirahamwe C-E-D-E-A-O, kumenyereza igisirikare ca Mali n’ugushigikira utwigoro twaco k’ugusubira kwigarurira uburaruko bw’igihugu.

Imigwi y’intagondwa z’Aba Islamu zikorana n’umurwi al-Qaida muri iki gihe zifise bibiri vya gatatu vy’igihugu ca Mali.
Mali-Ecowas
Mali-Ecowasi
|| 0:00:00
...
 
🔇
X
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga