Uko wahagera

Ingwara y’ ikirimi


Ingwara y’ ikirimi n’ imwe mu ngwara zifatira mu muhogo.

Nk’ uko Docteur Norbert Ntiruhungwa yabitubwiye, ngo ingwara y’ ikirimi ifata cane cane abana bakiri bato. Docteur Ntiruhungwa yavuze ko bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuntu agwaye ikirimi n’ uko amize ababara, mu muhogo hagatukura, akagira agacanwa, akameneka n’ umutwe. Yavuze ko iyo ngwara yananiranye, umuntu ashobora kugira igihute mu muhogo, ko ishobora no gutandukira mu gutwi umuntu akagira infection y’ ugutwi. Docteur Ntiruhungwa yavuze ko iyo ngwara ishobora kwandukira iyo umuntu yasamuye canke akoroye.

XS
SM
MD
LG