Uko wahagera

Inama Mpuzamakungu Kw’Ihinduka Ry’Ibihe


U.S President Barack Obama
U.S President Barack Obama
French President Francois Hollande (L) welcomes U.S. President Barack Obama as he arrives for the opening day of the World Climate Change Conference 2015 (COP21) at Le Bourget, near Paris, France, November 30, 2015.
French President Francois Hollande (L) welcomes U.S. President Barack Obama as he arrives for the opening day of the World Climate Change Conference 2015 (COP21) at Le Bourget, near Paris, France, November 30, 2015.

President wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama yatangaje kw’ ikibazo c’ihindagurika ry'ibihe kiraje ishinga isi yose.

Yabivuze ku musi wa mbere ari i Paris ku murwa mukuru w'Ubufaransa, ighe c’iyugurwa ry’inama rukokoma igira 21, iriko yihweza ingaruka mbi ry'ihindagurika ry'ibihe.

Iyo nama irimwo abakuru b'ibihugu batari bake, bagiye barakuranwa mu gufata amajambo ashimikira kir’ico kibazo c’ihindagurika ry'ibihe.

President Obama yavuze ko yahisemwo kwishikira mur’iyo nama ku giti ciwe c’umukuru w' igihugu ca mbere gihingura kandi ca kabiri mu birungika ivyuka vyishi mu kirere, kugira yerekane ishaka Reta zunze ubumwe za Amerika zifise mu gutorera inyishu ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe.

Mugenziwe w'igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande, yibukije kw’ imirwi yose y’abantu harimwo abajejwe amadini, abanyamitahe n'abanyagihugu, bkwiye kwumva ko bategerezwa guhindura ingene babayeho.

Umunyamabanga Mukuru wa ONU Ban Ki-Moon we yavuze kw’ igihe co kurenzako amazi uruho carenganye.

Umuneyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Diane Nininahazwe, yari yishikiye I Paris gukwikirana iyo nama

Mushobora kwumviriza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00

XS
SM
MD
LG