Uko wahagera

Burundi: Leta Yahagaritse Amashirahamwe 10


Inyuma y’aho Ubutungane bufatiye ingingo yo kwugara za konti z’amashirahamwe amwamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahagarikiwe, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati hamwe n’ugukundisha abarundi igihugu, bwahagaritse ibikorwa vy’ayo mashirahamwe.

Umwunganizi w’umushikiranganji ajejwe ubwo bushikiranganji akaba kandi n’umuvugizi wabwo, avuga kw’ubutungane bwasanze ayo mashirahamwe yaragize uruhara mu migumuko yabaye mu mezi aheze. Terence Ntahiraja avuga ko ibyo byabaye igihe haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:12 0:00

Yamara umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe FOCODE, Gordien Niyungeko, avuga kw’ayo mashirahamwe ariko azira ko yagwanije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:46 0:00

XS
SM
MD
LG