Uko wahagera

Siriya: Igiteramo mu Kibanza ca Palmyra

Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ariko ashikiriza ijambo hakoreshejwe video abari mu giteramo ca orchestre Mariinsky, mu gisagara ca Palmyra, muri Syria, ari mu nyubakwa yiwe mu gisagara ca Sochi, mu Burusiya, kw'italiki zitanu z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Orchestre, Mariinsky, yo mu gihugu c’Uburusiya yagize igiteramo c’umuziki bita, “Classique” mu rurimi rw’igifransa, uno musi ku wa kane, mu gisagara ca kera ca Palmyra, mu gihugu ca Siriya.

Umukuru w’iyo orchestra, azwi cane, Valery Gergiev, yegereye cane perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yayoboye ico giteramo.

Mu vyo yatangaje mu kwugurura ico giteramo, yamenyesheje ko ico ico giteramo cari kigenewe ari ukwiyamiriza inyamaswa zasambuye ivyibutso vy’imico ndangakaranga mu makungu.

Prezida Putin, mu butumwa yashikirije hakoreshejwe video, ari mu nyubakwa yiwe ku nkgengera z’ibahari, Mer Noire, yamenyesheje ko abona ico giteramo nk’ikimenyetso c’ugushima, kwibuka, n’ukwerekana umwizero.

Ico giteramo ciswe, “With a Prayer for Palmyra”, cabereye mu kibanza aho intagondwa z’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, zagandaguye abantu sinzi, haheze ikiringo kiri musi y’umwaka.

Ikibanza ca Palmyra, n’ikibanza ndangamico gikingiwe n’ishirahamwe UNESCO

XS
SM
MD
LG