Uko wahagera

Kenya: Uwundi Muntu Yaratabawe


Ibisigarira vy'inyubakwa yasenyutse ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi
Ibisigarira vy'inyubakwa yasenyutse ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi

Abakozi bajejwe gutabara i Nairobi muri Kenya batoye uwundi muntu yarokotse mu bisigarira vy’inyubakwa yasambutse haraheze hafi y’indwi.

Abantu mirongo ibiri na batandatu barahasize ubuzima.

Pius Masai, ajejwe ibikorwa vy’ugutabara, yabwiye abameneyshamakuru, uno musi ku wa kane, ko umupfasoni batoye agifatiwe mu bisigarira vy’inyubakwa yasenyutse. Yamara arashobora kuvugana n’abajejwe ubuvuzi barindiye kumuvura inyuma yuko akuwe muri ivyo bisigarira.

Masai avuga ko uwo mupfasoni adashobora gusaganya, ko yamara ari muzima.

Ku musi wa kabiri, abajejwe gutabara barakuye umwana w’umwaka umwe mu bisigarira vy’inyubakwa yasenyutse, inyuma y’imuvra nyishi cane yaguye ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, muri Kenya, rayashoboye gutora se w’uwo mwana yavuze kw’izina ryiwe ari, Dealeryn Sasis Wasike, atakomeretse bikomeye.

Abantu ijana na mirongo itatu na batanu baramaze gutabarwa.

Abandi batari bake irengero ryabo ntiriramenyakana. Abategetsi bagabishije ko batiteze gutora abandi barokotse.

XS
SM
MD
LG