Uko wahagera

Kanada: Umuriro Wihaye Inkumbi


Mu gihugu ca Kanada abantu ibihumbi ijana barakuwe muzabo n’umuriro uriko uratongora amashamba mu gisagara ca Fort McMurray, mu ntara ya Alberta iri mu gice co hagati muri Kanada.

Abategetsi bo mur’iyo ntara bamenyesha ko uwo muriro ubandanya ufata ibindi bice vy’iyo ntara bivanye n’umuyaga mwinshi uri mur’ako karere

Igipolisi carugaye ibarabara rikuru rigana mur’ico gisagara inyuma yaho uwo muriro utambukiye ku rundi ruhande rwaryo, bituma abanyagihugu bo mur’ico gice baterwa n’ubwoba bahungira mu buraruko bw’iyo ntara.

Amazu atari make y’abantu hamwe n’amazu y’ubudandaji yarahiye aratokombera.
Ministre wa mbere wa Kanada Justin Trudeau yashikirije ubutumwa bwo guhoza abategetsi bo mur’iyo ntara ya Alberta aca arafasha mu bikorwa vyo kuzimya uyomuriro n’imfashanyo ya leta.

XS
SM
MD
LG