Uko wahagera

Sudani y’Epfo: Nta Bwigenge bw’Abanyamakuru


Oliver Modi, i bubamfu, arongoye ihuriro ry'abanyamakuru muri Sudani y'Epfo mu nama na bagenzi we, I Juba
Oliver Modi, i bubamfu, arongoye ihuriro ry'abanyamakuru muri Sudani y'Epfo mu nama na bagenzi we, I Juba

Igihugu ca Sudani y’ama’jepfo kiza ku mwanya w’140 mu bihugu 180 muri raporo yasohotse uyu mwaka igaragaza ukuntu ubwigenge bw’itangazamakuru ryifashe kw’isi.

Abamenyeshamakuru bo muri Sudani y’amaj’epfo bamenyesha ko bahura n’ingorane zitari nke mu mwuga wabo, harimwo no gushobora kuhasiga ubuzima mugihe bariko batohoza ukuri.

Bamenyesha ko baronka amakuru make cane ava mu bisata vya leta, kandi ko rimwe na rimwe baterwa ubwoba ahandi bagatabwa mu mvuto n’abantu bikeka ko bakorera inzego z’umutekano za leta.

Umukuru arongoye ihuriro ry’abamenyeshamakuru muri Sudani y’amaj’epfo, Oliver Modi atangaza ko n’ubu abajejwe umutekano ba leta babandanya gutera ubwoba, guhagarika no gupfunga abanyamakuru.

Amenyesha ko mu mwaka uheze, abamenyeshamakuru indwi bishwe mur’ico gihugu kandi ko ata matohozwa yigeze akorwa yo kurondera ababishe.

Ivyo bishikirijwe mu gihe kuwa kabiri italiki 5 z'ukwezi kwa gatanu amakungu ariho yahimbaza umusi wahariwe ubwigenge bw’itangazamakuru

XS
SM
MD
LG