Uko wahagera

Umusirikare W'Umunyamerika Yishwe Muri Iraki


Iraki kw'Ikarata
Iraki kw'Ikarata

Umusirikare w’ubuhinga budasanzwe w’Umunyamerika wo mu nrwego rw’abo bita, Navy SEAL, yishwe mu gitero c’umurwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyislamu ku kirindiro c’Abakurde b’aba Peshmerga, mu buraruko bw’igihugu ca Iraki.

Ivyo vyatangajwe, uno musi ku wa kabiri, n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umunyamabanga ajejwe gutangaza amakuru mu bushikiranganji bujejwe kwibuna abansi bwa Amerika, Peter Cook, yatangaje ko uwo musirikare yahanura akongera agafasha inteko z’aba Peshmerga, mu gisagara ca Mosul, mu buraruko bwa Iraki, igihe baterwa n’abarwanyi b’umurwi witwa Reta ya Liyislamu.

N’umusirikare w’Umaunyamerika agira gatatu yishwe muri Iraki, kuva urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika rutanguye urugamba rw’ukurwanya umrwi, Reta ya Kiyislamu, mu mwaka w’i 2014.

XS
SM
MD
LG