Uko wahagera

Nigeriya: Imiliyaridi 15 z'Amadolari Yarasahuwe


Icegera ca perezida wa Nigeriya, Yemi Osinbajo
Icegera ca perezida wa Nigeriya, Yemi Osinbajo

Icegera ca perezida w’igihugu ca Nigeriya, Yemi Osinbajo, avuga ko reta y’imbere yaho yivye imiliyaridi cumi na zitanu z’amadolari y’amafranga y’igihugu, biciye mu masezerano yerekeye ibirwanisho arimwo ubusuma.

Yemi Osimbajo, yatangaje uno musi ku wa kabiri, kw’ayo mafranga yatakaye bifatiye ku nyifato ya ruswa mu gisata kijejwe umutekano ku ntwaro y’uwahoze ari Perezida, Goodluck Jonathan.

Perezida ahari muri iki gihe, Muhammadu Buhari, yatsinze amatora yo mu mwaka uheze mu gutanga umuhango ko azohangana n’ibibazo vya ruswa vyashinze imizi muri Nigeriya.

Yatangaje ko ubusuma abwakozwe ku ntrwaro ya Jonathan bwasize ikigega ca reta gisa n’ikigaragara.

Kuva Buhari ashitse ku butegetsi, mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze, igitigiri kitari gito c’abahoze ari abategetsis ba reta barahagaritswe, ku vyagirizo vya ruswa, harimwo Sambo Dusuki, yahoze ari umuhanuzi mu vyerekeye umutekano w’uwahoze ari perezida, Gooodluk Jonathan.

Mu kwezi kwa mbere, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, yamenyesheje kw’abategetsi ba reta n’abarwizatunga 55, bagize uruhara mu gusahura imiliyaridi zitandatu n’imiliyoni amajana indwi y’amadolari y’amafranga ya Reta, hagati y’umwaka w’i 2006, n’umwaka w’i 2013.

Icegera ca perezida wa Nigeriya, Yemi Osibanjo, yatangaje uno musi ku wa kabiri, kw’ata mukozi wa reta ashobora kwiba amafranga y’igihugu hanyuma ngo yibaze ku bishobora kwijana.

XS
SM
MD
LG