Uko wahagera

USA-Cuba: Guhanahana Ibidandazwa Vyasubiye Gutangura


Ubwato bwa mbere butwaye ibidandazwa kuwa mungu niho bwava muri Leta Zunze ubumwe z’Amerika bwerekeza muri Cuba inyuma y’imyaka irenga 50 ico gihugu cari kimaze mu bihano vy’ubutunzi.

Ubwo bwato burimwo abantu amajana indwi bwagiye buva ku kivuko co mu gisagara ca Miami muri leta ya Florida, bukaba butegekanya gushika I Havana muri Cuba ku musi wa mbere.

Ubwo bwato butegekanya kandi kuzoza bugira ingendo zibiri mu kwezi butwaye ibidandazwa.

Mu mpera z’uyu mwaka, uruja n’uruza rw’indege hagati y’Amerika na Cuba niho rutegekanijwe gutangura.

XS
SM
MD
LG