Uko wahagera

Sudani Y’Epfo: Ubumwe Bw’Afirika Burashimishwa na Leta Nshasha


Icegera ca Perezida wa Sudani y'epfo Riek Machar, mu bubamfu, na Perezida Salva Kiir, i buryo.
Icegera ca Perezida wa Sudani y'epfo Riek Machar, mu bubamfu, na Perezida Salva Kiir, i buryo.

Umuryango’Ubumwe bw’Afirika wakiranye igishika cinshi igenwa rya leta y’ubumwe mfatakibanza muri Sudani y’amajepfo, uvuga ko ari intambwe nziza igana k’umugambi w’amahoro mur’ico guhugu.

Icegera c’umukuru wa Komisiyo y’ubumwe bwa Afirika, Erastus Mwencha, yamenyesheje ko abategetsi bakuru b’umuryango w’ubumwe bw’Afirirka bari I Juba mu ntumbero yo gufasha iyo leta nshasha yagenwe.

Abandanya avuga ko ubu uwo muryango ugiye kwita k’ugusanura ico gihugu no kugeza imfashanyo ku banyagihugu bazikeneye.

Ariko naho haheruka gushingwa iyo leta, mu duce tumwe tw’igihugu haracari ubwoba ko hashobora kwaduka ukundi gutana mu mitwe.

Erastus Mwencha yamenyesheje ko leta nshasha y'ubumwe ya Sudani y'epfo ariyo ifise uruhara runini mu gutsimbataza amahoro no gukora k’uburyo ihumuriza abanyagihugu ku makenga bafise ko uyo mugambi w’amahoro ushobora guhungabana.

XS
SM
MD
LG