Uko wahagera

Zika Yahitanye Umwe muri Amerika


Mu kigo CDC co muri Amerika kigira ubushakashatsi no gukinga indwara z'ivyaduka
Mu kigo CDC co muri Amerika kigira ubushakashatsi no gukinga indwara z'ivyaduka

Umuntu wa mbere yapfuye muri leta Zunze ubumwe z’Amerika ahitanwe n’umugera wa Zika.

Ikigo c’Amerika gishinzwe gukinga indwara camenyesheje ejo kuwa gatanu ko hari umugabo w’imyaka 70 yamuka mu gihugu ca Porto Rico yapfuye inyuma yaho yanduriye uwo mugera mu kwezi kwa kabiri.

Igihugu ca Porto Rico kimaze amezi atari make kivugwamwo umugera wa Zika. Ikigo gikinga idwara kimenyesha ko hari ibipimo 683 biriko birakorwa kuva mu kwezi kwa 12. Abantu 65 mur’abo ni abakenyezi bibungeze.

XS
SM
MD
LG