Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya Vyumvikanye ku Gahengwe muri Siriya


Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Amerika, John Kerry
Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Amerika, John Kerry

Amasezerano y’uguhagarika ingwano yo mu kwezi kwa kabiri mu gihugu ca Siriya ariko yerekana ibimenyetso vy’uguhungabana.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyatangaje imigambi y’ukugerageza gukomeza ayo masezerano mu ntara ya Latakia, iri ku nkengera z’ibahari Mediterane, hamwe no mu gice ca Ghouta kiri ku nkengera z’umurwa mukuru, Damas.

Abategetsi ba Amerika batangaje, uno musi ku wa gatanu, ko gusubira kwubahiriza agahengwe muri ivyo bice bibiri biza kuja mu ngiro igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro mu masaha yaho.

Itangazo rya Reta ya Siriya rimenyesha kw’agahengwe kaza gutangura igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro, kamare amasaha mirongo ibiri n’ane, ku murwa mukuru, Damas no mu ntara ya Goutha yo mu buseruko.

Vyitezweko agahengwe nk’ako kamara amasaha mirongo irindwi n’abiri mu ntara ya Latakia.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanikre w’Uburusiya, Sergei Lavrov, baganiye ivyerekeye ako gahengwe uno musi ku wa gatanu.

XS
SM
MD
LG