Uko wahagera

BURUNDI : Imyaka 44 Habaye Ubwicanyi Ntangere


Kwibuka ihonyabwoko
Kwibuka ihonyabwoko

Ubwo bwicanyi bwahitanye abarundi benshi harimwo n’umwami Ntare wa gatanu yigeze gutwara Uburundi.

Urunani rw’abacitse kw’icumu n’ababuze ababo mu rwimo rwo mu 1972 batunganije urugendo mu gisagara ca Bujumbura.

Ku nzandiko bari bafise, nta kindi basaba atar’ ukuri n’ubutungane ku vyabaye. Bongeye bashira n’urugori rw’amashurwe ahahambwe mu kivunga abarundi bo mu bwoko bw’abahutu ku Buterere muri komine Ntahangwa.

Fréderic NZEYIMANA atwara mu makungu urunani rw’abacitse kw’icumu n’ababuze ababo asaba ko Leta y’Uburundi yokora ibishoboka vyose hakemezwa ko mu 1972 habaye ihonyabwoko ryagiriwe abahutu mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:59 0:00

XS
SM
MD
LG