Uko wahagera

Perezida Zuma Ashobora Kuregwa Ruswa


Perezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma
Perezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma

Umucamanza mu gihugu ca Afrika y’epfo yatangaje, uno musi ku wa gatanu, kw’ingingo ya sentare mu mwaka w’i 2009 y’uguheba hafi y’ivyagirizo vya ruswa amajana umunani kuri perezida Jacob Zuma itari isobanutse. Uwo mucamanza yasavye ko iyo dosiye isubira kwihwezwa.

Umucamanza wa sentare nkuru yo mu gisagara ca Pretoria, Aubrey Ledwaba, avuga ko ingingo y’uguhagarika ivyaha Zuma yagirizwa idasobanutse. Ko kubera izo mvo ivyo vyaha yosubira kwihwezwa.

Iyo sentare mu ntango yari yafashe ingingo y’uguheba ivyaha Zuma yagirizwa, bifatiye ku majwi yafashwe kuri telephone yari yashikirijwe n’umurwi w’ababuranira Zuma. Batangaje kw’ivyagirizo vyo mu mwaka w’i 2007 bishobora kuba vyari mu mugambi wa politike w’ukwambika iceyi Zuma.

Ingingo ya sentare y’kutabandanya ivyo vyagirizo vyatumye Zuma yitoza mu mabanga y’ukuba perezida.

Ingingo ya sentare nkuru yo mu gisagara ca Pretoria y’uno musi ku wa gatanu ishobora kwongereza akamo k’uko Zuma atanga imihoho.

Zuma ntiyerekanye buno nyene nimba azokwonguruza ku ngingo iyo sentare nkuru yafashe.

XS
SM
MD
LG