Uko wahagera

Burundi: Denise Nkurunziza mu Kirundo


Madame Denise Nkurunziza
Madame Denise Nkurunziza

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunzinza ahamagarira abakenyezi kuvyara ku rugero kandi abo bashoboye kurera. Yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abakenyezi bo mu ntara ya Kirundo kuri uwu wa gatanu mw’isekeza arimwo ryo kuganira n’abakenyezi mu gihugu cose kubijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje abakenyezi ko kuvyara abana benshi bishobora gutera umutekano muke mu gihugu gusumba indyane za plitique n’ibindi. Yabwiye abakenyezi ko bafise uruhara ntangere mukubumbatira amahoro n’umutekano. Madame Nkurunziza avugako abana bariko bakora ibikorwa vyo guhungabanya umutekano bituruka ku bavyeyi badohotse kw’ibanga ryo kurera abana babo mukubigisha amahoro.

Denise Nkurunziza asaba abakenyezi kwitwararika amagara yabo mukwirinda umugera wa sida no mu kwivuza ingwara yo mu kigo iriko irabangamira amagara y’abakenyezi, bigatuma n’ingo zisambuka kubera ko abakenyezi bayigwaye baheza bagakumirwa n’abagabo babo

Abakenyezi basavye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kushiraho ibihano kubigasha no kubantu bashurashuza abanyeshure. Basavye kandi ko itegeko ryo gutorana ku bakenyezi ryoshigwaho kandi rigatosogwa neza

XS
SM
MD
LG