Uko wahagera

USA: Joe Biden Yagendeye Iraki


Icegera c’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden ari mu rugendo mu gihugu ca Iraki kuva kuwa kane.

Intumbero y’urwo rugendo n’ukubonana n’abategetsi ba Iraki kugira atere intege leta y’ubumwe ya Iraki hamwe n’ukuganira ku kubandanya urugamba rwo kurwanya umugwi w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu.

Amakuru atangwa n’ibiro vya Vise Perezida Joe Biden amenyesha ko uwo mutegetsi azoganira n’abategetsi ba Iraki ku ntambuko amakungu yofata kugira bateze imbere ubutunzi bw’ico gihugu hamwe no gukomeza imigenderanire hagati y’igihugu vyo mur’ako karere.

Joe Biden niwe mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru w’Amerika agendeye Iraki kuva aho wenyene ubwiwe agiriye urugendo mur’ico gihugu mu mwaka w’2011.

XS
SM
MD
LG