Uko wahagera

Trump Yagiriza Hillary Clinton Gukina Ikarata y'Igitsina


Umukandinda w'Umurepublika, Donald Trump
Umukandinda w'Umurepublika, Donald Trump

Donald Trump, ari imbere y’abo bahiganwa mu mugambwe w’’Abarepublika, mu kurondera guserukira umugambwe wabo mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ko umukandida w’Umudemokrate, Hillary Clinton, atoshobora kuba perezida. Amenyesha ko arico gituma ariko akina ikarata y’igitsina mu mwizero w’ukuba perezida wa mbere w’umupfasoni wa mbere.

Donald Trump, yabwiye Televiziyo, NBC, ko Hillary Clinton, ariko akina ikarata y’igitsina ku buryo atari bwabone umuntu numwe akoresha imbere yaho.

Trump avuga ko Hillary Clinton, ariko ashira ahabona ibintu bigaragara, ko hamwe Hillary Clinton, atokoresha ikarata y’igitsina, atoshobora n’ugutsindira amabanga y’ubuyobozi busanzwe.

Trump avuga ko Iyaba Hillary Clinton yari umugabo, yoronka ibice bitanu kw’ijana vy’amajwi mu matora.

Ivyatangajwe na Trump kuri Hillary Clinton, ntivyanejereje abapfasoni muri Amerika,

Ivyatohojwe vyerekana kw’abapfasoni, kenshi ibice mirongo irindwi kw’ijana canke barenga, batabona neza Trump.

XS
SM
MD
LG