Uko wahagera

Kirundo: Gerenade Yakomerekeje Batatu


Abantu 3, harimwo umusirikare yari mu karuhuko, nibo baraye bakomerekejwe na gerenade yaraye itewe ku mutumba wa Kagege muri komine Busini. Abo baraye bakomeretse bavugako batashoboye kumenya uwateye gerenade.

Abo bavugako batokwemeza canke ngo bahakane ko iyo gerenade aribo yarondera kuko no mumicungararo aho yatewe hari abandi banyagihugu.

Mubajejwe intwaro Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka umwe muri 5 batorewe gutwara umutumba wa Kagege Karolina Nyabenda. Uwo mutware yavuzeko bigaragara ko ibigwanisho bikiri vyinshi mubanyagihugu kandiko igikorwa co kubibaka gikwiye kubandanya. Iyo gerenade yatewe kugasoko ka Nyarunazi gasangiwe n’amakomine ya Kirundo na Busoni.

Mugihe atakwezi kwari bwahere hatewe iyindi gerenade kuri ako gasoko kuruhande rwa komini Kirundo, abanyagihugu baho basaba ko hoshikanwa vyabikoresho karuhariwe mukurondera ibigwanisho binyegeje mu banyagihugu.

OPP2 Yakobo Nijimbere arongoye igipolisi mu ntara ya Kirundo avugako abantu 2 bamaze gufatwa kumvo z’amatohoza. Iyo ntwazangabo ihagarariye urwego rw’igipoli ivugako iyo gerenade yaraye itewe ishobora kuba ifitaniye isano n’amatati ari mu miryango, afatiye ku matongo.

Mubafashwe, harimwo Ezechiel Niyongabo, yaheruka gutegwa gerenade yamukomerekeje haraciye ukwezi. Ni umugabo aba aho kugasoko ka Nyarunazi kuruhande rwa komine Kirundo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00

XS
SM
MD
LG