Uko wahagera

Irani: Abanyamakuru Bakatiwe Umunyororo


Abanyamakuru bane ba Irani baciriwe umunyororo
Abanyamakuru bane ba Irani baciriwe umunyororo

Ishirahamwe rishinze guharanira agateka ka zina muntu Human Rights Group iranegura ibihano vyafatiwe abamenyeshamakuru bane bo mu gihugu ca Irani bafashwe mu mwaka urangiye.

Abo bamenyeshamakuru bazwi ku mazina ya Afarin Chitsaz, Ehsan Mazandarani, Saman Safarzai and Davoud Asadi bagirizwa na leta ya Irani gutegurira inzira Leta zunze ubumwe z’Amerika kugira ibashe kwinjira muri Irani.

Ubutungane bwa Irani bwabaciriye imyaka iva kuri itanu gushika kw’icumi yo gufungwa. Bafashwe mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze, igihe hariko haratunganywa amatora y’abashingamateka mur’ico gihugu.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe rifise icicaro mu Bufaransa “Reporters Sans Frontieres” ryariyamirije ivyo bihano vyafatiwe abo bamenyeshamakuru kandi rimenyesha ko iryo hohotera ry’abamenyeshamakuru ryatanguye kuva mu ntango z’ukwezi kwa mbere.

Reporters Sans Frontieres ritangaza kandi ko abamenyeshamakuru 32 bapfunzwe muri Irani kandi ko ico gihugu ca Irani kiza ku mwanya wa gatanu mu bihugu bitoteza itangazamakuru kw’isi.

XS
SM
MD
LG