Uko wahagera

Turukiya: Abashika 8 Bakomerekejwe na Bombe


Igipolisi ca Turukiya ahaturikiye igisasu
Igipolisi ca Turukiya ahaturikiye igisasu

Mu gihugu ca Turukiya, abantu bashika ku ndwi barakomerekejwe n’igisasu caturikijwe n’umwiyahuzi mu gisagara ca Bursa kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Turukiya k’umusi wa gatatu.

Ico gisagara ca Bursa gisanzwe kizwi ko gihurumbirwamwo n’abakerarugendo benshi.

Abategetsi ba Turukiya bamenyesha ko umugore ari we yiturikijeko ico gisasu hafi y’umusigiti, aca ahasiga ubuzima.

Gushik’ubu nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero.

Kuva uyu mwaka utanguye, hamaze kuba ibitero vy’abihevyi bitari bike muri Turukiya, harimwo bibiri vyagabwe n’umugwi wa leta ya Kiyisilamu vyabereye mu gisagara ca Istanbul, ibindi bibiri vyagabwe n’abarwanyi b’aba Kurdes bibera k’umurwa mukuru Ankara.

XS
SM
MD
LG