Uko wahagera

Irani Igabisha Kwitwarira Amerika


Irani kw'ikarata
Irani kw'ikarata

Igihugu ca Irani cagabishije kwitwarira, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe amafrnga yay’ico gihugu imiliyaridi ibiri ari mu mabanki muri Amerika yokoreshwa mu guha indishi imiryango y’Abanyamerika bahitanywe n’iterabwoba rishigikiwe na Irani.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Muhammad Javad Zarif, avuga ko Amerika itegerezwa gukingira amafranga ya Irani ari mu mabanki yayo.

Amenyesha ko niyo ayo mafranga yatangwa mu buryo budaciye mu mategekeo, bazosaba ko Amerika ibariha igihe bazoba bahisemwo kubigira.

Mu ndwi iheze, sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarashigikiye itegeko ryo mu mwaka w’i 2012 ryerekeye gutanga amafranga y’igihugu ca Irani ari mu mabanki muri Amerika. Inygngo y’iyo sentare yerekeye imiryango igihugmbi n’amajana atatu y’abantu basinzikajwe n’iterabwoba rigihikiwe na Irani. aBmwe muribo bamaze imiyaka irenga mirongo itatu barondera indishi.

XS
SM
MD
LG