Uko wahagera

Burundi: CNDD/FDD Iriyamiririza ba Perezida Batatu


Burundi : le CNDD-FDD vainqueur des législatives boycottées par l’opposition
Burundi : le CNDD-FDD vainqueur des législatives boycottées par l’opposition

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wemeza ko hari akagwi k’abantu baguma bashaka na ntaryo kwikurako ivyaha vy’ihonyabwoko bakoze bagashaka kuvyegeka ku mugambwe uri ku butegetsi na Leta iwukomokako.

Umuvugizi wa CNDD/FDD aragaruka kuri bamwe bamwe na cane cane abahoze barongoye igihugu. Abo bavugwa ni Petero Buyoya, Johani Batisita Bagaza na Mikayile Micombero.

Abatavuga rumwe na reta bamenyesha ko iyo mvugo y’umugambwe uri ku butegetsi idatahuritse.

Léonce Ngendakuamana, umukuru w’umigambwe Sahwanya-FRODEBU n’urunani ADC Ikibiri, asigura ko mu bisanzwe ivyaha vyakozwe muri kahise n’abategetsi batandukanye bitegerezwa kuzokwigirwa mu mugwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi wemeranijweko n’abanyepolitike mu masezerano y’i Arusha.

Mu matangazo amaze igihe asohorwa n’umugambwe uri ku butegetsi, uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Petero Buyoya aragirizwa kwariko akorana n’abanyamahanga batandukanye kugira asubire kugaruka ku butegetsi abanje kubuhirika.

Nubwo biruko uwo mugabo yarongoye Uburundi incuro zitatu niwe niwe yatanguje amasezerano y’i Arusha ari nayo yashikanye ku butegetsi umugambwe CNDD/FDD.

Imbere y’uko hatangura imyiyamamazo y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza, Petero Buyoya ari mu bantu bavuze ko Petero Nkurunziza aramutse yitoje ku ncuro ya gatatu bishobora gutuma Uburundi buja mu ndyane zikabije.

XS
SM
MD
LG