Uko wahagera

Siriya: Bazakomeza Urugamba kuri Perezida Bashar


Abana bagenda mu mihanda yo mu mujyi wasenyutse wa Aleppo
Abana bagenda mu mihanda yo mu mujyi wasenyutse wa Aleppo

Abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Siriya, baragabisha ko urugamba rw’ugukura Perezida Bashar al-Assad ku butegetsi rumaze imyaka itanu ruzobandanya naho ibihugu bitabashigikiye vyo mu burengero bw’si vyobaheba, canke habaye akigoro k’ukubemeza amasezerano batiyumvamwo.

Bamenyesha ko bazobandanya urugamba rw’ukurwanya intwaro ya Assad, abanyamahanga bateye Siriya bavuye muri Irani n’Uburusiya. Bavuga ko bazogira urwo rugamba, urugamba rw’uguhabuza igihugu.

Abategetsi bakuru b’abarwanya ubutegetsi n’abanyepolitike batavuga rumwe na reta ya Siriya bakiranye amazinda ivyatangajwe n’umurwi w’ibihugu cumi n’indwi vyo mu mahanga, harimwo Uburusiya vy’amasezerano y’uguhagarika ingwano mu kiringo c’indwi.

Abarwanya ubutegetsi ntibemera ivyerekeye ayo masezerano y’uguhagarika ingwano mu gihe hatawimwo ukwiyemeza gutomoye kw’Uburusiya, ku vyerekeye guhagarika ibitero vy’indege z’ingwano bidatevye.

Babibona nk’ubundi buryo bw’ugushikana ku masezerano ashigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi batazoshobora kwemera.

XS
SM
MD
LG