Uko wahagera

Sudani: Visi Perezida Riek Machar Azajya Juba?


Prezida w’igihugu ca Sudani Yepfo, Salva Kiir, yagenye uwo badacana uwaka, ayoboye abatavuga rumwe na Reta, Riek Machar, kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri Reta y’urunani.

Umuvugizi wa reta yabitangaje uno musi ku wa gatanu, mu kuvuga ko Prezida Kiir yiteze ko Machar azoza ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba vuba.

Machar yabwiye Ijwi ry'Amerika, ikora mu rurimi rw’Icongereza, ko yakiriye neza igenwa ryiwe, akaba abona ko ari intambwe mu nzira nziza ku bijanye n’ugushira mu ngigo amasezerano y’ukugarukana umutekano muri Sudani yo mu bumanuko.

Igenwa rya Machar riri mu masezerano y’amahoro yateweko igikumu hagati yiwe na prezida Kiir mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2015.

Naho ayo masezerano yateweko igikumu ugutana mu mitwe kurabandanya rimwe na rimwe.

Machar yavuze ko amakungu n’abategetsi bo mu karere botegerezwa kubandanya gufasha Abanyasudani yo mu bumanuko kwogorora inyuma y’imyaka ibiri y’ingwano yahitanye abantu batari bake.

XS
SM
MD
LG