Uko wahagera

Burundi: Ubudandaza na RDC Bugiye Kworoha


Ibihugu by’Uburundi na Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo bigiye gushiraho amategeko mashasha agenga abadandaza bato bato batarenza umutahe w’amadorari 2000.

Uwo mugambi w’ukorohereza abadandaza bato bato bacisha ibidandzwa ku mipaka y’ibihugu bibanyi washizweho n’umuryango w’ubutunzi mu turere twa Afurika y’ubuseruko n’amajepfo COMESA mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Ibihugu bitari bike vyo muruwo muryango vyaramaze kuwushira mu ngiro.

Mu karere ka Afurika y’ubuseruko, uwo mugambi urakoreshwa hagati y’u Burundi n’u Rwanda, hagati y’u Rwanda na Uganda, Uganda na Kenya hamwe no hagati y’ Uburundi na Tanzaniya.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:28 0:00

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG