Uko wahagera

Umugambi w'Uburusiya wo Guhagarika Intambara Muri Syria


Ministiri w’Uburusiya w’imigenderanire n’amakugu Sergei Lavrov
Ministiri w’Uburusiya w’imigenderanire n’amakugu Sergei Lavrov

Igihugu c’Uburusiya catanze iciyumviro c’uko hoba ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Siriya.

Ministiri w’Uburusiya w’imigenderanire n’amakugu Sergei Lavrov yamenyesheje ko reta yiwe yamaze gutanga urwandiko rw’ingene iyo ntambara yohagarara.

Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vy’I Bulaya avuga ko uko guhagarika intambara kwotangurana n’italiki ya mbere y’ukwezi kwa gatatu kuza.

Ivyo binyamakuru bigaragaza ko hazoba ari kure kugira bakinge ko ubuzima bw’abantu buyangara mu gisagara ca Aleppo no mu micungarario yaco.

Aba dipolomate b’abanyabulaya barimwo na Reta zunze ubumwe z'Amerika barafise amakenga kur’ico cipfuzo c’Uburusiya bakabona ko ari amayeri yo gusamaza amakungu kugira Uburusiya bubandanye ibitero vy’indege mu gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG