Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Riek Machar Yagizwe Visi Perezida


Riek Machar mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu
Riek Machar mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu

Perezida wa Sudani y’epfo Salva Kiir yaragenye umukeba wiwe Riek Machar mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.

Iryo genwa rije gushira mu ngiro amasezeranyo y’amahoro yashizweko umukono mu kwezi kwa munani yo guhagarika intambara imaze imyaka irenga ibiri, rika risubije ibintu nkuko vyari imbere y’intambara yadutse mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2013, inyuma yaho Kiir akuye mu mabanga y’icegera ciwe Machar.

Iguhugu ca Sudani y’Epfo nico gihugu kimaze imyaka mike kw’isi kibayeho. Cikukiye mu mwaka wa 2011 citandukanije na Sudani.

Raporo yasohowe mu kwezi guheze n’abagenduzi ba ONU kuri Sudani y’epfo imenyesha ko Perezida Kiir na mukeba wiwe Machar bari bagikoresha ingabo zabo kandi bagirizwa kwica aba Siviles no gukora ibindi bikorwa bituma bafatirwa ibihano.

XS
SM
MD
LG