Uko wahagera

Kampala: Besigye Ati "Amajwi Azibwa mu Matora"


Kizza Besigye ni umuyobozi w’ishyaka rya FDC
Kizza Besigye ni umuyobozi w’ishyaka rya FDC

Umukuru w’umugambwe FDC ukomeye mu batavugarumwe na reta ya Uganda Kizza Besigye amenyesha ko afise ubwoba ko hashobora gutangwa ruswa bigatuma adatahukana intsinzi yiteze mu matora y’umukuru w’igihugu.

Besigye yamenyesheje ko aravye abanywanyi afise mu gihugu ata nkeka azotsinda ariko afise amakenga ko hashobora gukoreshwa ruswa ku musi w’amatora bigatuma atazotsinda.

Yemereye abanyagihugu ko mugihe yotsinda amatora yoshinga reta y’Ubumwe kandi azoshiramwo n’abo mu mugambwe uri ku butegetsi NRM.

Besigye amaze guhiganwa na Perezida Yoweli Museveni wa Uganda mu kibanza c’umukuru w’igihugu incuro zitatu.

Mu ndwi iza, Italiki 18 z’ukwezi kwa kabiri igihugu c’Ubuganda niho kizotunganya amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka.

XS
SM
MD
LG